Pedro yahambije Chelsea kubera Mourinho

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Pedro

Pedro yari asanzwe aronderwa na Manchester United, akaba yagondojwe guhanvya Chelsea kuri miliyoni 21 z'ama pounds.

Padro avuga ko Jose Mourinho yamuhamagye gake, amubwira ko amukeneye kugirango yongere inkomezi umurwi wiwe.

Avuga ko Mourhino yagiye atahana ibikombe aho aciye hose, ngo akaba yiteguye gukorana nawe kandi yiteze gutahana ibindi bikombe.

Uyu mukinyi wo muri Espagne, yatsindiye ibikombe bitatu vya Champions League, na bitanu vya La Liga akinira Barcelona, yaraye atanguye imyimenyerezo hamwe na bagenziwe ba Chelsea.

Ashobora gutangura mu kibuga ku munsi w'Imana, mu rukino ruzobahuza na West Brom.

Uku kwimuka kwiwe kumuhuje na mugenziwe bahiranye muri Barcelona Cesc Fabregas.