West Brom izohana Berahino kubera ivyo yavuze

Siado Berahino yashavujwe n'uko atashoboye kugurwa na Tottenham
Image caption Siado Berahino yashavujwe n'uko atashoboye kugurwa na Tottenham

Saido Berahino vyitezwe ko agira umubonano n'abarongozi b'umugwi akinira, West Brom, wo mu Bwongereza, nyuma y'aho igurishwa ryiwe ripfiriye.

Saido yagomba kugurwa na Tottenham ariko vyanka ku munota wa nyuma, ku munsi isoko ry'abakinyi ryagomba kwugara.

Ariko uwo mukini afise amamuko mu Burundi w'imyaka 22, azocibwa amande kubera ivyo yanditse kuri Twitter bisa no kunenga umukuru wa West Brom, Jeremy Peace.

Bwana Peace yanse amahera yatanzwe na Tottenham, ayagiriza gushaka kugura umukinyi wiwe intica ntikize.

Berahino ategerezwa kubonana n'umumenyereza wa West Brom, Tony Pulis hamwe n'abandi barongozi b'umugwi.