Real ivuga ko Unted itamenyereye isoko

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Real Madrid ivuga ko kutagura David De Gea vyatewe n'ukutamenyera isoko kwa Mancester United.

Umuyobozi w'ikipe y'umupira w'amaguru yo muri Espagne, Real Madrid, avuga ko kugura David De Gea vyapfuye kuko Manchester United itamenyereye isoko ry'abakinyi.

Florentino Perez yabigereranije n'ukunanirwa kwa United mu kugura umukunyi wa Real, Fabio Coentrao n'uwa Athelic Bilbao, Ander Herrera ku munsi wa nyuma w'isoko mu 2013.

Kugurwa kw'umunyegoli De Gea, vyanse bitewe n'uko impapuro zatanzwe vyatevye.

Perez yabariye radio yo muri Espagne, Cadena SER, ati: "Nta burambe bafise, ibintu nk'ibi vyarabashikiye kuri Coentrao na Herrera."

Real na United zitanako umwikomo ku guteba mu kurungika impapuro zo guheraheza igurishwa rya De Gea.

Real yakoze ibishoboka

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umuyobozi wa Real Madrid, Florentino Perez, avuga ko United itamenyereye isoho ry'abakinyi

Uwo mugwi wo muri Espagne uvuga ko wakoze ibishoboka vyose ngo uheraheze kugura uwo mukinyi w'imyaka 24 amahera imiriyoni 29 z'amongereza, ngo ariko isaha ntarengwa ibarenganako iminota ibiri.

United, yizera kugura Keylor Navas muri uwo mwumvikano, ivuga ko yatanze impapuro hasigaye iminota ibiri ngo ikiringo kigere ca 23:00 ku masaha y'Ubwongereza.

Perez avuga ko United yemeye kugurisha hasigaye amasaha 12 ngo isoko ryo muri Espagne ryugare, ica ifata amasa umunani kugira isubize impapuro.

Anavuga kandi ko United yashaka no kugura abakinyi ba Real, umunye Wales Gareth Bale hamwe n'Umufaransa Karim Benzema hamwe na Raphael Varane.