Bale ngo nta mugambi wo kuva muri Real Madrid

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Gareth Bale

Uyu musore w'imyaka 26 wo muri Wales, yabaye muri Real Madrid kuva avuye muri Tottenham mu 2013 aguzwe miliyoni 85 z'ama pound.

Uwo mwumvikano yawufashijwemwo n'uwumuserukira Jonathan Barnett.

Bamubajije nimba Bale koko yarashetse kwimukira muri Manchester United, Barnett yavuze ati: "sivyo, yokwimkira iki?".

Barnett ariko ntiyemeje nimba Manchester United yarigeze gushaka Bale, ariko avuga ko ata mugambi wo kwimuka afise.

Bale ntarageza no hagati ikiringo ciwe c'imyaka itandatu yasinye na Real Madrid kuva mu 2013.