Umwitwarariko mu bakinyi ba Man U.

Uwufise ububasha kw’isanamu epa
Image caption Van Gaal

Amakuru yasohotse mu ntango z'iyi ndwi yavuga abakinyi ba Man United batanezerewe.

Bamwe bavuga ko vyaturutse ku ngorane zijanye n' imyimeneyerezo, abandi bakavuga ko inyanduruko ari Van Gaal abanegurira mu maso y'abantu.

Van gaal yavuze ko capitaine Rooney n'icegera ciwe Carrick bamwegera.

Avuga ko bamuvugishije kugira bamufashe.

Van Gaal yanavuze no ku mukinyi aheruka kugura muri Monaco.

Umusore w'imyaka 19 Anthony Martial ashobora kuzotwara miliyoni 58 z'ama pounds, aho Man United imaze gutanga miliyoni 36 z'ama pounds.