Arsenal 2-0 Stoke, Chelsea ngo ntarirarenga

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Arsenal 2=0 Stoke

Intsinzi y'uno munsi Arsenal iyikesha ibitego vya Theo Walcott na Olivier Giroud, aho Walcot yinjije mu gice ca mbere yatse umupira Mesut Ozil.

Yunganiwe mu nyuma na Giroud yinjije ateje umutwe.

Stoke, itarigera itsinda Arsenal kuva mu 1981, ntiyigeze iboneka mu kibuga nk'iyifise amahirwe yo gutsinda.

Ubu Arsenal y'iya kabiri ku rutonde rw'uko imirwi ihagaze muri Premier League.

Nayo inyuma yo gutsindwa 3-1 na Everton, umumenyereza wa Chelsea yavuze ko n'ubwo atari bwabone amanota mabi nk'ayo Chelsea ifise muri iki gihe, ngo nta wundi yibaza yoba mwiza kumurusha kuyobora uwo murwi.

Jose Mourinho yemeje ko atarirarenga, ngo yumva ko ashoboye gutuma uyu murwi usubira mu kibanza ciza kandi nta n'ubwo afise ubwoba.

Mu gihe twandika iyi nkuru, Manchester United yariko itana mu mitwe na Liverpool, Manchester yari imaze kubona igitego ca Daley Blind aherejwe na Juan Mata kumunota wa 49.