Leister City yirahiye Aston Villa

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Jack Grealish niwe yinjije igitego ca mbere ca Villa, hakurikira ica Carles Gil.

Ku ruhande rwa Leicester, Laet Volleyed niwe yugururiye abandi mu kwinjiza, ubwa kabiri hasubira Jamie Vardy yatumye banganya na Aston Villa ku munota wa 81.

Intsinzi ya Leicester yabonetse ku gitego ca gatatu cinjijwe na Nathan Dyer yateje umutwe aherejwe na Riyad Mahrez ku munota wa 88.

Nathan Dyer yaguzwe na Leister avuye muri Swansea ku munsi wa nyuma isoko rigomba ryugare.

Uko biri ubu Leicester City niyo iza ku mwanya wa kabiri ku rutonde rwerekana uko imirwi ihagaze muri kino kiringo ca Premier League.

Ibanzirizwa na Man city, Man United ikaza kumwanya wa gatatu mu gihe Arsenal ari iya kane.