Umugambwe muri Afrika y'epfo usaba itohoza ku gikombe c'isi

Afrika y'epfo yagirizwa gutanga igiturire kugira ironke inkino z'igikombe c'isi mu mupira w'amaguru co mu 2010
Image caption Afrika y'epfo yagirizwa gutanga igiturire kugira ironke inkino z'igikombe c'isi mu mupira w'amaguru co mu 2010

Umukuru mu migambwe itavuga rumwe na leta ya Afrika y'epfo, Democratic Alliance, uvuga ko wasavye igipolisi gutohoza ku kuntu ico gihugu caronse inkino z'igikombe c'isi mu mupira w'amaguru mu 2010.

Democratic Alliance wavuze ko uwahoze ari umukuru w'umugwi wazanye ico gikombe, Danny Jordaan, hamwe n'uwahoze ari umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri ico gihugu, Molefi Oliphant, bakwiye kugirwako itohoza.

Ngo boba barahaye imiriyoni cumi z'ama dolari Jack Warner, yahoze ari umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu karere ka Amerika.

Uwo yahoze ari umutegetsi muri FIFA, yagirizwa n'abajejwe intwaro muri Amerika ivyaha vy'igiturire hamwe no kwungukira mu magendo.

Afrika y'epfo irahakana ivy'uko hari amahera y'igiturire yoba yaratanze.