Jack Warner yahagaritswe mu mupira w'amaguru burundu

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Jack Warner nta gikorwa na kimwe kijanye n'umupira w'amaguru yemerewe gusubira kurangura

Uwahoze ari umutegetsi ku rwego rwo hejuru mu mupira w'amaguru, Jack Warner, yahagaritswe mu bikorwa vyose vy'urwo rukino ubutagisubira.

Urwego rujejwe inyifato mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, rwavuze ko bwana Warner yari kizigenza mu bagiye mu bikorwa vya ruswa.

Iyi ngingo yafashwe harabwe ukuntu guhiganirwa kwakira inkino z'igikombe c'isi zo mu 2018 n'2022, vyagenze, aho vyahabwa Uburusiya na Qatar.

Bwana Warner yatanze imihoho mu bikorwa vyose vya FIFA mu 2011.

Mu kwezi kwa gatanu, yarishikanye ku gipolisi mu gihugu ciwe ca Trinidad na Tobago, akaba ashobora kurungikwa muri leta zunze ubumwe za Amerika, aho yagirizwa ivyaha vy'igiturire muri FIFA.