Rugby: Ubwongereza bwakuwe mw'irushanwa

Umurwi w'Ubwongereza
Image caption Umurwi w'Ubwongereza

Ubwongereza, igihugu cyakiriye imikino yo guhatanira igikombe cy'isi mu mukino wa Rugby muri uyu mwaka, cyakuwe mw'irushanwa.

Ku mukino wabereye ku kibuga cya Twickenham, Ubwongereza bwakuwemo na Australia, imaze kubutsinda ku manota 33 kuri 13.

Ubwongereza bubaye igihugu cya mbere kivuyemo mw'ikubitiro mu mikino y'ijonjora.

Umukinnyi wo muri Australia, Bernard Foley, yatsinze wenyine ibitego 28.

Australia rero yabonye itike yo kujya muri 1/4 hamwe na Wales.