Chelsea ngo ishigikiye Mourinho 100%

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Ariko Chelsea wamenyesheje ko ushigikiye uwo mumenyereza wawo ijana kw'ijana.

Mw'itangazo ryashizwe ku rubuga rwa Chelsea, uwo murwi watangaje ko hadakwiye kubaho gukelkeranya ko ushigikiye umumeneyerza wawo n'ubwo uwo murwi umaze iminsi wikwirikiranya gutsindwa.

Iryo tangazo rikomeza risobanura ko nk'uko uwo mumeneyreza ubwiwe yavyivugiye, amanota Chelsea imaze iminsi ironka adashimishije kandi ko hakenewe ko ibintu bihinduka.

Ariko rero ngo Chelsea yemera ko ariwe mumenyereza mwiza ashobora kubibashikana ko kandi ko nawe ubwiwe afise abakinyi bakenewe.

Chelsea imaze gutsindwa inkino zitandatu muri iki kiringo c'amahiganwa, ikaba igeze ku mwanya wa 16, irushwa amanota 10 na Manchester City uwi imbere ku rutonde rwa Premier League.