Sepp Blatter yitwariye FIFA

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Sepp Blatter

Blatter yahagaritswe mu gihe komite ijejwe kubahiriza inyifato iriko irakora itohoza ku birego vya ruswa uyo mugabo w'imyaka 79 aregwa.

Sepp Blatter yahagaritswe ejo co kimwe n'umunyamabanga mukuru Jerome Valcke, n'icegera ciwe Michel Platini.

Bose uko ari batatu barahakana ivyo baregwa.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ryasavye urwego nyobozi FIFA guhamagaza inama yihuta kugirango bige ikibazo c'amatora y'umukuru warwo yo mu kwezi kwa kabiri, umwaka uza.