Impanuka mw'isiganwa ry'imiduga mu Burusiya

Ahabera isiganwa ry'imiduga Formula 1 i Sochi mu Burusiya Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ahabera isiganwa ry'imiduga Formula 1 i Sochi mu Burusiya

Habaye impanuka ikomeye mw'isiganwa ry'imiduga rya Formula 1 i Sochi mu Burusiya.

Umudereve w'umunye Espagne, Carlos Sainz Junior, yananiwe gutumbereza umuduga mw'ikorosi rigoye mw'igerageza ry'uno munsi, umuduga uca ugonga inzitiro ziri kw'ibarabara.

Uwo mushoferi atwara umuduga wa Toro Rosso yari agifisi akenge igihe bamujana kwa muganga.

Igerageza ryaciye rihagarikwa.