UEFA iriga ikibazo ca Michel Platini

Uwufise ububasha kw’isanamu afp getty

Iyo nama ikurikiye ingingo Michel Paltini aheruka gufatirwa yo guhagarikwa amezi atatu mu gikorwa ciwe c'icegera c'umukuru wa FIFA, kimwe n'umukuru w'iryo shirahamwe Sepp Blatter.

Iyo ngingo yafashwe hisunzwe ibirego vy'uko bwana Platini yahawe amafaranga agera kuri miliyoni zibiri atasobanutse impamvu yayarishwe na bwana Blatter.

Abo bagabo bompi barahakana ivyo barerwa.

Hagat'aho umuganwa wa Jordania Ali bin Ali Hussein yatangaje ko azokwitoza ku kuyobora ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru FIFA.