Michel Platini ahakana igiturire ca miyoni $2

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Michel Platini (i buryo) avuga ko amahera yahawe na Sepp Blatter (i bubamfu) yari impembo ngo si igiturire

Icegera c'umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, Michel Platini, ubu yahagaritswe, avuga ko ata masezerano yabayeho mu guhabwa imiriyoni 2 z'amadolari.

Ayo mahera niyo yabaye imvo y'ivyagiriji vy'uko bwana Platini yakiriye igiturire.

Mu kiganiro ca mbere atanze kuva aho FIFA imuhagarikiye iminsi mirongo icenda, bwana Platini yavuze ko ayo mahera cari igihembo gikwiye c'akazi yakoreye umukuru wa FIFA, Sepp Blatter, nawe ubu yahagaritswe yagirizwa igiturire.

Bwana Platini avuga ko ako kazi karimwo gusubiramwo ikirangaminsi c'inkino z'umupira w'amaguru.

Platini na Blatter bose bahakana ivyo bagirizwa.