Andre na Dede Ayew bazohangana ejo

Image caption Abavukanyi Andre Ayew (i bubamfu) na Jordan Ayew (i buryo)

Uzi abavukanyi bangahe mw'ihiganwa ry'umupira ry'Ubwogereza? Ba Charltons? Ba Nevilles? Ba Toure?

Mu nkino zo mu mpera z'indwi hari abavukanyi babiri bazohanganira i Villa Park, aho Andre Ayew azohura na mwenewabo Jordan Ayew wa Aston Villa.

Andre yabariye Sport Wales ko atakazocamwo hagati yabo, mu minota 90 bazomara mu kibuga.

Andre Ayew akinira ikipe ya Swansea, Jordan Ayew nawe akinira Aston Villa.

Abo bahungu ba Abedi Pele, rurangiranwa w'umunye Ghana yakiniye cane umugwi wa Marseille mu Bufaransa, baje gukina mu Bwongereza uno mwaka bombi bavuye muri Marseille nyene.