Bamwe mu bashaka kwitoza kuyobora FIFA

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Tokyo Sexwale, umwe mu bashaka kwitoza kuyobora FIFA

Imbere y'uko isango ntarengwa ryo gutanga amazina ku bashaka kwitoza kuyobora FIFA rirangira mu gicugu c'uno munsi, hari abamaze kumenyekana ko bifuza gusubirira Sepp Blatter.

Muri abo harimwo Gianni Infantino, umunyamabanga mukuru w'urwego rw'umupira w'amaguru ku mugabane wa Bulaya, UEFA.

Ariko UEFA ntaco yavuze ku muyobozi wayo Michel Platini, nawe yavuze ko ashaka kwitoza muri FIFA n'ubwo ari mu gihano co guhagarikwa mu kiringo c'amezi atatu.

N'umukuru w'urwego rw'umpira w'amaguru ku mugabane wa Aziya, Sheikh Salman bin Ibrahim Al Khalifa, nawe nyene amaze kumenyesha ko azokwitoza kuyobora FIFA, co kimwe na Tokyo Sexwale wo ku mugabane wa Afrika.

Amatora y'umukuru wa FIFA ateganijwe kuwa 26 z'ukwezi kwa kabiri umwaka uza, nayo amazina y'abifuza kwitoza arangiza gutangwa uno munsi isaha zitanu z'ijoro kw'isaha mpuzamakungu.