Liverpool yunyuye amagorwa ya Mourinho

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Liverpool vyagaragara ko yarusha Chelsea mu mukino wabereye Stamford Bridge

Liverpool yunyuye amagorwa y'umumenyereza wa Chelsea, Jose Mourinho, mu gihe Jurgen Klopp wa Liverpool yaronse intsinzi yiwe ya mbere.

Mourinho yaheruka gushigikirwa n'abarongoye Chelsea nyuma yo gutangura nabi ihiganwa, ariko biragoye kumenya niba bazomugumizako icizere nyuma y'ugutsindwa kw'uno munsi.

Chelsea yatanguye neza urukino igihe Ramires yinjiza n'umutwe nyuma y'iminota itatu, ariko kwihagararako kwa Liverpool kwayifashije, Philippe Coutinho aragombora ku munota wa nyuma w'igice ca mbere.

Coutinho yinjije ica kabiri ca Liverpool ateye neza cane umupira waciye kuri John Terry, hasigaye iminota 16 y'urukino, imbere y'uko Christian Benteke, yinjiye agomboye, yinjiza ica gatatu iba intsinzi y'umugwi wa Klopp vyagaragara ko uyikwiye.