CAF:TP Mazembe 2-1 USM Alger

Umunya Zambia Rainford Kalaba n'umu Tanzania Mbwana Samatta binjirije ivyo bitego 2 T P Mazembe mu gice ca kabiri bateye za penaliti, batsindira iwabo umurwi USM Alger muri Stade Omar Hamadi.

Urukino rukwirikira ruzobera i Lubumbashi kuw'Imana uza.

Iyo mirwi yompi yarangije ifise abakinyi 10 gusa, barungitswe hanze n'umusifuzi wo mu Misiri yahaye Kalaba ikarata itukura kubera yasunitse mugenziwe mu gahanga igihe igice ca mbere c'urukino cari kirangiye.

Nayo Hocine El Orfi wa USM Alger yarungitswe hanze igice ca kabiri kigeze hagati.

Igikombe ca CAF kijana n'agashimwe kangana miliyoni imwe n'igice y'ama dorari, umwurwi uzogitsindira ukanaronka ikibanza mu guhiganirwa igikombe ca FIFA c'uyu mwaka kizobera muri Japon.