United ifise ibibazo mu gihe buca ihura na Watford

Image caption Martial yavunikiye mu rukino rwa kivukanyi, mu gihe Rooney arwaye

Manchester United izoba idafise ba rutahizamu bayo, Wayne Rooney na Anthony Martial, mu rukino ruzoyihuza ejo na Watford muri Premier League yo mu Bwongereza.

Umumenyereza wa United, Louis van Gaal, avuga ko Martial na Rooney bari mu bakinyi batandatu batazokina ejo iwayo na Watford.

Martial w'imyaka 19, yakomerekeye mu rukino rwa kivukanyi hagati y'Ubufaransa n'Ubwongereza kuwa kabiri, mu gihe Rooney wewe arwaye.

Michael Carrick we yakomerekeye mu rukino rwa kivukanyi hagati y'Ubwongereza na Espagne, akaba asanze ku ntebe y'imvune Marouane Fellaini, Antonio Valencia na Luke Shaw.

Van Gaal yavuze ko umukinyi w'imbere, James Wilson, adahagaze neza ku buryo yokina iminota 90.

United yaranenzwe ku kuba itagaragaza ubukomezi muri iri higanwa, ikaba ariyo imaze kwinjiza ibitsindo bike mu migwi indwi iri imbere ku rutonde muri Premier League.

Niyo kandi ifise inyuma hatifashe neza mu iki ciciro.