FIFA yoba ishaka guca burundu Platini ?

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Platini yagirizwa amafaranga yahawe na Sepp Blatter yari abereye icegera muri FIFA

Ingingo yo guca burundu Michel Platini yofatwa hamwe bosanga yagiriwe n'icaha ca ruswa, nk'uko vyashikirijwe n'umushingwamanza wiwe.

Bwana Platin ubu asanzwe yarahagaritswe vy'agateganyo mu gihe akirindiriye ikizova mu mw'itohoza ririko rirakorwa ku mafaranga agera ku miriyoni zibiri z'amadorari yahawe na FIFA mu 2011.

Umushingwamanza wiwe, Thibaud d'Ales, avuga ko iyo nforo yo gushaka kumuca burundu iteye isoni kandi coba ari igihano kirenze urugero.

Ibizova muri iryo tohoza bizomenyeshwa mu kwezi kuza.