Fury yatse umuhigo Klitchko

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Tyson Fury yatse Klitchko umuhingo yari amaranye igihe kire kire.

Fury yatanguye bose babona ko ari ibisanzwe ko ariwe atsindwa, ariko yatsinze iryo higanwa ryo guterana ibipfuntsi ryabereye kuri uyu wa gatandatu Dusseldorf mu Bugade.

Yegukanye ibihembo vya World Boxing association -WBA, world boxing organisation -WBO na International boxing federation -IBF.

Bwari bubaye ubwa mbere umunya Ukraine Vladmir Klitchko, atsindwa kuva mu 2004, akaba ari we yari asanganywe umuhigo w'isi igihe kire kire kurusha bose.