CAN U23: Senegal na Afirika y'epfo mu 1/2

Afirika y'epfo yatsinze Tuniziya 1-0, mu rukino rwa nyuma rw'itsinda A, ejo ku mugoroba.

Bafana- bafana ba Afirika y'epfo bari bakeneye kunganya kugira bashike mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c'amahiganwa, ariko baronse n'igitsindo cinjijwe na Menzi Masuka ku munota wa 85.

Intambwe za Senegal zo zaronse intsinzi ya gatatu yikwirikiranya kuri uyu wa gatanu nyene, zirahiye Zambia 1-0, igitsindo cinjijwe na Mamamdou Diallo ku munota wa 3.

Abanya Zambia batsinzwe gatatu bikurikiranya, baciye bava mw'ihiganwa rya CAN ry'abari munsi y'imyaka 23, co kimwe na Tuniziya.

Senegal na Afirika y'epfo biza kumenya imirwi bizohura uyu munsi, aho itsinda B rirangiriza inkino.

Algeria, Nigeria na Misiri nizo zihiganirwa ibibanza bibiri bisigaye, mu nkio z'igice ca kabiri, zizoba ku munsi wa gatatu muri Senegal.