Man Utd irahigura na Bournemouth

manchester united Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Ubu Manchester United iri mu kibanza ca kane

Ihiganwa ryo mu bwongereza ry'umupira w'amaguru rirabandanya muri iyi mpera y'iyinga, aho mu rukino ruza kubanza Norwich baza gutana mu mitwe na Everton.

Crystal palace baza gukina na Southampton, Man City baza guhigura na Swansea City, Sundrland baza kwakira Watford, West Ham United iza gukinira iwabo na Stoke City mu gihe Bournemouth bazoba bariko baratana mu mitwe na Man United.

Urukino hagati ya Swansea City ruza kuba ruriko ruratangazwa mu giswahili kuri BBC mu kiganiro c'abo c'inkino.

Kuri uyu w'Imana iryo higanwa rizobandanya aho hazoba inkino zitatu, aho Aston Villa bazopima inguvu na Arsenal, Liverpool bazokinira iwabo na West Brom na yo Tottenham bahure na Newcastle United.