"Chelsea ntizoheza muri bane ba mbere"

Image caption Jose Mourinho amaze guhebura ko Chelsea yoronka ikibanza ca kane

Umumenyereza w'ikipe y'umupira w'amaguru yo mu Bwongereza, Chelsea, Jose Mourinho, avuga ko ata mahirwe y'uko Chelsea yoheza muri zine za mbere muri Premier League.

N'ukumaramara kugaragara mu maso, Mourinho yabwiye abanyamakuru ko aho bigeze ubu bigoye kugira ikipe yiwe iheze muri zine za mbere, ikibanza gitanga amahirwe to gukina mw'ihiganwa rya Buraya ry'amakipe yatahukanye ibikombe, Champions League.

Chelsea yatsinzwe na Leicester City 2-1 mu rukino rw'ejo, rukaba ari urukino rugira icenda itsinzwe mu mahiganwa y'ubu.

Ubu iri mu kibanza ca cumi na gatandatu, bibiri gusa hejuru ya bitatu vy'amakipe ategerezwa kumanuka mu ciciro ca kabiri ihiganwa riheze kubera amanota make.

Iyo kipe yo mu burengero bwa London ifise amanota 14 mu nkino 16 muri Premier League, mu gihe ariyo isanzwe ifise ico gikombe.