Eto'o yagizwe umumenyereza muri Antalyaspor

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Eto'o agiye gufatanya gukina no kuba icegera c'umumenyereza

Uwahoze ari kapitene wa Cameroun, Samuel Eto'o, yagizwe icegera mfatakibanza c'umumenyereza akanaba umukunyi wa Antalyaspor yo muri Turkiya.

Uwo mukinyi w'umupura w'amaguru w'imyaka 34, yagiye muri iyo kipe ku masezerano y'imyaka itatu mu kwezi kwa gatandatu, yahawe imikino itatu kugira yerekane ico ashoboye.

Asubiriye Yusuf Simsek, yarangizanye n'abamukoresha ku mwumvikano itariki 7 z'ukwa cumi na kabiri.

Antalyaspor izofata ingingo y'uko yoha Eto'o akazi ukuri kwamye nyuma y'akaruko k'igihe c'imbeho.

Eto'o azofashwa na Mehmet Ugurlu, asanzwe ari umuyobozi w'ubuhinga muri iyo kipe, mu gihe uwo munye Cameroun azoba atera intambwe ziwe za mbere mu rwego rwo kumenyereza.