Somalia: Incuro ya mbere, inkino z'umupira w'amaguru kuri television

somalia football
Image caption Incuro ya mbere, inkino z'umupira w'amaguru zigiye kwerekanwa kuri television

Inkino z’umuoira w’amaguru zo mu gihugu ca Somalia zizocishwa kuri television incuro ya mbere muri ico gihugu.

Urukino rwa nyuma rwo gutsindira igikombe citiriwe Jenerali Da’ad hagati y’umugwi w’igisirikare Somalia Hoeseed n’iyo igipolisi Heegan, izokwerekanwa iriko iraba kuri television y’igihugu ca Somalia.

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Somalia, Abdiani Said Arab, yavuze ko iyo ngingo ko itazokwibagiranwa muri ico gihugu, inatume urwo rukino rutera imbere.

Igihugu ca Somalia kiracagerageza kuvu mu ngorane zitandukanye bivanye n’intambara ihamaze imyaka irenga 20.

“Twari dufise indoto ko umusi umwe inkino zacu zizokwerekanwa kuri television ziriko ziraba, iyi rero ni intango yo kuyishira mu ngiro,” ni Said Arab yavuze.

Yongeyeko ko, urwo rukino ari urwo kugerageza ubwa mbere, ko mugihe vyogenda neza, bazoca bagerageza kwerekana izindi nkino mu mezi aza.

Inkino zo gutsindira igikombe citiriwe Jenerali Da’ud, ni zo zigira kabiri zikunzwe n’abantu benshi muri ico gihugu.

Iryo higanwa riba buri mwaka, rikaba ryahawe iryo zina, kubera uwatanguje igisirikale ca Somalia, Jenerali Da’ud Abdulle Hersi.

Jenerali Da’ud, yitavye Imana mu 1965, reta ya Somalia ikba yarabandanije gutegura no gushigikira iryo higanwa ry’umupira w’amaguru kuva mu 1972.