Guus Hiddink: Umutoza w'agateganyo wa Chelsea

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Guus Hindink yatwaye igikombe cya FA igihe yatozaga Chelsea muri 2009

Guus Hiddink wahoze atoza Ubuholandi yagizwe umutoza w’agateganyo wa Chelsea kugeza mu mpera za shampiyona.

Hiddink ahawe akazi nyuma y’uko Jose Mourinho yirukanwe. Hiddink w’imyaka 69 yigeze gutoza Chelsea na mbere ku buryo bw’agateganyo, mu gihe cy’amezi atatu mu mwaka wa 2008-2009.

Image caption Abakinnyi ba Chelsea bakomeye basubiye inyuma mu mikinire

Uyu Muhohali yagize ati:” Nishimiye kugaruka.” Yongeraho ati: ”Chelsea ni imwe mu makipe akomeye ku isi ariko ntiri ku rwego yagombye kuba iriho. Ariko nizera ko twese tuzabihindura muri iyi shampiyona”.

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Umuganga wa Chelsea, Eva Carneiro yashwanye na Jose Mourihno

Mourihno yirukanywe ku wa Kane nyuma y’uko Blues yatwaye igikombe cy’umwaka ushize igereye ku mwanya wa 16 muri shampiyona y’Ubwongereza, Premier League.

Irabura inota rimwe ngo imanuke mu murongo w’ikiciro cya kabiri.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Jose Mourihno ntiyishimiye imyitwarire ya Dr Carneiro mu kazi.

Hiddink arareba umukino wo kuri uyu wa Gatandatu Chelsea iri bukine na Sunderland, yicaye iruhande rwa ny’iri ikipe, Roman Abramovich. Abatoza Steve Holland na Eddie Newton nibo baza kuba batoza.

Kubera iki Hiddink?

Itangazo ryashizwe ku rubuga rw’ikipe ya Chelsea riragira riti:

“Ny’iri kipe n’ubuyobozi bongeye guha ikaze umutoza ufite uburambe bwo ku rwego rwo hejuru, wageze kuri byinshi, ndetse birimo n’igihe yamaze mu ikipe mu mwaka wa 2009 igihe twatwaraga igikombe cya FA.”

“Bwana Abramovich n’ubuyobozi bizera ko Guss afite ibikenewe mu kugera ku musaruro mwiza w’ikipe yacu yuzuye impano.”

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Guus Hiddink yigeze gutoza Chelsea muri 2009

Hiddink yatwaye ibikombe bitandatu bya shampiyona yo mu Buholandi ndetse n’igikombe cy’Uburayi mu bihe byiciro bibiri yamaze ari umutoza mu ikipe ya PSV Eindhoven.

Yanatoje, Koreya y’Epfo, Australiya n’Uburusiya.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP Getty Images
Image caption Jose Mourinho yirukanwe ku wa Kane

Mu kwezi kwa Kabiri muri 2009,yasimbuye Luiz Felipe Scolari, abifatanya no gutoza Uburusiya.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hari amakuru avuga ko Mourinho atumvikanaga n'abakinnyi

Kuva icyo gihe, yagize ibihe bitari byiza nk’umutoza wa Turukiya, ikipe ya Anzhi Makhachkala yo mu Burusiya n’Ubuholandi mu mikino yo gushaka itike y’igikombe cy’Uburayi mu kwezi kwa Gatandatu 2016.

Ubuholandi bwananiwe gubona tike, burangiza ari ubwa kane mu itsinda bwari burimo.

Ubuholandi bwaje inyuma ya Repubulika ya Czech, Iceland na Turukiya.

Ibindi kuri iyi nkuru