IAAF yarateguye kunyegeza abanonotsi bakoresha imiti

iaaf
Image caption Ishirahamwe mpuzamakungu ryo kunonora imitsi, IAAF, rifise umugambi wo kunyegeza amazina y'abanonotsi bakoresha imiti

BBC yabonye icemeza ko hari umugambi wo mu mpisho w’ishirahamwe mpuzamakungu ryo kunonora imitsi, gutevya gutangaza amazina y’abanonotsi basanze barakoresheje imiti yo kwngereza inguvu, gushika habaye inkino za olympique zari zitegekanijwe kubera mu gisagara ca Moscow, mu Burusiya mu mwaka wa 2013.

Uwo mugambi wamenyekanye inyuma y’aho hafatiwe ibaruwa yanditswe kuri mail n’uwari umukuru wa IAAF ico gihe, Nick Davis.

Muri iryo kete, yari yandikiye Papa Massata Diack, yavuga ko ubushobozi bw’Uburusiya bwo gutegura inkino nk’izo buteye ibibazo kubera ugukoresha imiti yo kwongereza inguvu bikorwa muri ico gihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Uwari arongoye ishirahamwe IAAF, Lamine Diack

Massata Diack, yari umuhanuzi mu vyo kugurisha mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryo kwinonora imitsi, IAAF, ni umwana w’uwari arongoye iryo shirahamwe ico gihe, Lamine Diack.

Davies yanditse akeneye kwicarana n’umugwi ujejwe kurwanya ikoreshwa ry’iyo miti yo kwongereza inguvu mu mubiri, kugira bavugane ivyerekeye amabanga y’Uburusiya yanyegejwe.

Davies kandi yasavye ko IAAF ryohagabira kuvyerekeye gushira ku rutonde abanonotse basanze barakoresheje mwene iyo miti.IAAF yarirukanye abanonotsi 16 b’abarusiya, amezi ane inyuma y’izo nkino, aho ico gihugu cabaye ica mbere mu gutwara ibidari.