Wenger: Ibivugwa kuri Van Gaal n'ibiterasoni

arsene wenger
Image caption Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger, avuga ko adashimishwa n'uko umuntu yirukanywe mu kazi

Arsene Wenger avuga ko ibihuha ku mumenyereza wa Manchester United, Louis Van Gaal, biteye isoni.

Kazoza k’uwo munye Pays Bas, Van Gaal, ntikagaragara neza inyuma yo gutsindwa incuro zitandatu zikurikiranya.

“Sinipfuza umuntu n’umwe yirukanwa ku kazi, kubwanje, n’uko igihe cose umuntu yirukanywe ku kazi, bibabaje,” ivyo vyavuzwe na Wenger

“Ndubaha cane Van Gaal”

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umumenyereza wa Manchester United Louis Van Gaal

Van Gaal w’imyaka 64 yaremanze inyuma yo gutsindwa 2-1 na Norwich, ko ari mu madidane mu kazi kiwe, mu gihe uwahoze akinira Manchester United ubu akaba ari umumenyereza, Phil Neville, avuga ko uwo mugwi ukwiye kwihweza neza ingorane urimwo, ariko ko ashigikiye Van Gaal