Eugenio Figueredo yarungitswe muri Uruguay

Bwana Figueredo, yahoze ari umukuru w'urunani rw'amashirahamwe y'umupira w'amaguru muri Amerika y'amaj'epfo yahora ari icegera c'umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku isi FIFA.

Aregwa ivyaha vya ruswa no gukoresha nabi ububasha yari afise mu buyobozi bw' urwo rwego.

Ni umwe mu bayobozi bo hejuru indwi ba FIFA atawe muri yompi mu muji wa Zurich mu kwezi kwa gatanu bisabwe n'ubucamanza bwa leta zunze ubumwe za Amerika.

Aregwa kuba yarakiriye ruswa iharurwa muri za miliyoni z'amadolari kandi ashobora guhanishwa gufungwa imyaka igera kuri 15, icaha kiramutse kimuhamye.

Abamwunganira mu mategeko bavuga ko ubuzima bwiwe butameze neza.

Eugenio Figueredo amaze gukwiza imyaka 83 y'amavuka.

Eugenio Figueredo yarungitswe iwabo.