Umukinyi Osmhen akiri muto ntiyihuta kurondera umugwi azokinamwo

nigeria under 17 team Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umugwi wa Nigeria w'abadashikana imyaka 17 mu rukino rwabahuza na Mali

Victor Osimhen, yinjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi c’abadashikana imyaka 17, yavuze ko atihuta kurondera umugwi azokinira muri kazoza.

Yahora akinira umugwi wa Ultimate Strikes I Lagos, akaba yaramaze umwanya mu mugwi wa Wolfsburg mu Budagi, akaba mbere yimirije kugendera Ubwongereza, muri Arsenal.

Osmhen, yashikanye imyaka 17 kuwa 29 ukwezi kwa 12, yatsinze ibitego 10, aho Nigeria yaciye itahukana intsinzi ya gatanu, y’abadashikana imyaka 17 mu kwezi kwa 10

“Urugendo rwanshikanye I Wolfsburg rwarandyoheye cane kandi nzonagendera na Arsenal, ariko sinihuta,” ni ko yabwiye BBC Sport.