Southampton yatunguye Arsenal

Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Muri shampiyona y'umupira w'amaguru mu Bwongereza, ikipe ya Arsenal ntiyashoboye kujya ku mwanya wa mbere ku rutonde kubera gutungurwa n'ikipe ya Southampton.

Mu mukino wabaye kuri uyu wa gatandatu nijoro, ikipe ya Southampton yatsinze Arsenal ibitego 4-0.

Ibitego bya Southampton byijinjwe na Martina, Fonte na Shane Long watsinze bibiri. Olivier Giroud na Theo Walcott ba Arsenal barase ibitego by'imitwe byari byabazwe.

Ku rutonde, Arsenal yagumye ku mwanya wa kabiri n'amanota 36 mu gihe Leicester yagumye ku mwanya wa mbere n'amanota 38 nubwo nayo ku wa gatandatu yatsinzwe na Liverpool 1-0.

Manchester City iri ku mwanya wa gatatu n'amanota 35 nyuma yo gutsinda Sunderland 4-1.

Manchester United yo yaramanutse ijya ku mwanya wa 6 nyuma yo gutsindwa na Stoke City 2-0.