Umugwi wa Arsenal mu kibanza ca mbere vy'agateganyo

arsenal Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abakinyi ba Arsenal bariko barigina intsinzi

Umugwi wa Arsenal ubu ni wo uza kw’isonga mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza, inyuma y’aho utsindiye Bournemouth 2-0

Ibitsindo vya Arsenal vyatsinzwe n’umukinyi w’inyuma Gabriel Paulista yatsinze igitsindo ca mbere ku munota wa 27, mu nyuma umukinyo wo hagati wo mu gihugu c’Ubudagi, Mesut Ozil, atsinda igitsindo kigira kabiri, ku munota wa 63.

Muri ico gihe nyene, amashetani atukura, Man Utd bavanye na Chelsea atawinjije uwundi, Everton na bo bariko bakinira iwabo, batsindwa 4-3 na Stoke City.

Ng’uku uko izindi nkino zagenze:

 Crystal Palace 0 – 0 Swansea  Norwich 2 – 0 Aston Villa  Watford 1 – 2 Tottenham  West Brom 1 – 0 Newcastle  West Ham 2 – 1 Southampton

Arsenal ishobora kutamara umwanya munini muri ico kibanmza ca mbere, mu gihe kuri uyu mugoroba Leicester City ubu iri mu kibanza ca kabiri yotsinda Manchester City ya kane.