Van Gaal ntashobora gutanga imihoho

man utd and chelsea Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Man Utd na Chelsea banganije igitego ku kindi

Umumenyereza wa Manchester United yavuze ko atariko aratanga imihoho inyuma yo kunganya na Chelsea ubusa ku bundi kuri uyu wa mbere.

Bubaye ubugira umunani umugwi wa Manchester United unanirwa gutsindwa mu nkino zose umaze gukina muri uyu mwaka.

Ni ubwa mbere ivyo bishikiye uwo mugwi kuva mu 1990, kandi uri inyuma y’imigwi ine ya mbere amanota atanu yose.

Ariko Juan Mata na Athony Martial barakoze igikorwa gikomeye muri urwo rukino.

Van Gaal ati:” Mu gihe abakinyi bitanze ukuraho mu rukino rugoye nk’urwo, nta mpamvu yo gutanga imihoho”.