Liverpool yatsinze Sunderland

liverpool sunderland Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Liverpool yatsinze Sunderland igitsindo kimwe ku busa

Umugwi wa Liverpool baraye batsinze umugwi wa Sunderland 1-0 ku kibuga ca Light.

Umukinyi w’imbere Christian Benteke ni we yatsinze ico gitego kimwe rukumbi cahaye intsinzi umugwi wiwe n’amanota atatu.

Kubera iyo ntsinzi, umugwi wa Liverpool yaciye ija mu kibanza 7 n’amanota 30 inyuma yo gukina inkino 19 mw’ihiganwa ry’uyu mwaka.

Sunderland bagumye mu kibanza ca 19 n’amanota 12, inyuma yo gukina inkino 19.