Nta gitangaro kihari co kugarukira Manchester United

manchester united van gaal Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umumenyereza wa Manchester united avuga ko ata gitangaro kihari co kugarukira uwo mugwi, abo vyega bose nibagire inguvu

Umumenyereza wa Manchester United, Louis Van Gaal, avuga ko ata kintu k’igitangaza umuntu yokora kugira uwo mugwi uve mu ngorane urimwo ubu, ni ngombwa ko abo vyega bose bagira inguvu.

Man Utd bakinye inkino umunani zose badatsinze na rimwe, zitandatu mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza, aho bamanutse gushika mu kibanza ca gatandatu.

Kandi baranamaze gusezera ihiganwa ry’imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya.

“Nta gitangaro kihari, ibanga n’ukuraba ivyadushikiye no kwihweza neza hehe twokwikebuka, nk’umugwi canka nk’abantu ubwacu,” ni ko Van gaaal yavuze, mu gihe uwo mugwi uriko uritegurira gukina na Swansea ku wa gatandatu.

“Maze gutsindwa incuro zitatu zose na Swansea, inyuma y’aho uribaza igituma watsinzwe. Ibintu ni ko bimeze, hanyuma uca ubandanya gukora akazi kawe.”

“Urapanga ingene wotsinda uwo muhura kandi ni ngombwa ko babigiremwo uruhara, hanyuma ni ngombwa ko ugira imyimenyerezo gushika ushima. Hanyuma n’ukwitanga n’ukugerageza gushira mu ngiro ivyo wateguye.”

Manchester United banganije na Chelsea 0-0 ku musi wa mbere, urukino vyabonetse ko barukinye neza, inyuma y’aho batsindiwe nan a Stoke City 2-0.