Irushanwa ryo mu Bwongereza mu mupira w'amaguru

Chelsea yatsinze Crystal Palace Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Chelsea yatsinze Crystal Palace

Mw'irushanwa ry'icyiciro cya mbere cy'umupira w'amaguru mu Bwongereza, umurwi wa Chelsea ukomeje gukataza mu gutsinda kuva aho wirukaniye umutoza Jose Morinho, uyu munsi watsindiye iwayo Crystal Palace ibitego 3-0 bituma ijya ku mwanya wa 15.

Manchester United nayo yikubise agashyi ejo itsinda Newcastle ibitego 2-1 ijya ku mwanya wa 5.

Ubu Manchester United ikurikiye Tottenham yanganyije uyu munsi na Everton igitego 1-1.

Ku mwanya wa gatatu haza Manchester City n'amanota 39, ikaba irya itsataburenge Leicester ya kabiri n'amanota 40, kw'isonga haracyari Arsenal ifite amanota 42. Iya nyuma ( n'ukuvuga ya 20) ni Aston Villa ifite amanota 8.