Rafael Benitez yirukanywe na Real Madrid

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Rafael Benitez, umunya Espagne w'imyaka 55, yirukanywe inyuma y'inama y'ubuyobozi bwa Real Madrid yabaye uyu munsi.

Uwari icegera ciwe Zinedine Zidane, aciye amusubirira.

Zidane nawe azokunganirwa muri ayo mabanga na Santiago Solari, yaciye mu mirwi ya Real Madrid, Atletico Madrid na Inter Milan.