Zidane yagenywe kumenyereza Real Madrid

real Madrid zidane Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Uwahoze ari umukinyi akomeye w'Ubufaransa, Zinedine Zidane, ni we agiye kumenyereza Real Madrid

Abategetsi b’umugwi wa Real Madrid birukanye mu mabanga yiwe umumenyereza Rafael Benitez, inyuma y’amezi indwi ashikirijwe ayo mabanga.

Ubu ikibanza ciwe cagiyemwo, uwahoze ari umukinyi rurangiranwa w’umugwi w’Ubufaransa, Zinedine Zidane, yahora amenyereza abakinyi ba Real Madrid B.

Iyirukanwa ryiwe ryavuye kukudashimisha mu nkino uwo mugwi umaze kugira aho wanganije na Valencia mw’ihiganwa ryo muri Espagne, bikaba vyatumye baja mu kibanza ca 3 inyuma ya Atletico Madrid ibasumvya amanota ane yose.

Image caption Rafael Benitez yirukanywe mu mabanga yo kumenyereza Real Madrid

Kuva ashitse Madrid, Benitez ntiyigeze akundwa n’abakunzi b’uwo mugwi, inyuma yo gutsindwa ibitsindo 4-0 na Barcelona mu kwezi kwa cumi na rimwe n’abakeba babo, hamwe rero no kwirukanwa mw’ihiganwa rya Copa del Rey (ihiganwa ry’umwami).

Uwo mugwi wirukanywe muri iryo higanwa kubera wakinishije umukinyi akiri mu gihano mu rukino rwabahuza na Cadiz.

Ivyo vyatumye haba ukwinubana buri igihe no kunuganugwa ko abakinyi ba Real Madrid batashimiye Benitez.

Mu ndwi iheze, yarifatiye mu gahanga abamenyeshamakuru ko ari bo bariko baramurwanya, bongera bavuga nabi umugwi na prezida wawo Florentino Perez.