Eto'o yashoje kumenyereza Antalyaspor

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Uyu munya Cameroun yasubiriwe n'umunya Partugal Jose Morais.

JOse Morais nawe yahoze ari icegera c'umumenyereza wa Chelsea Jose Mourinho, kugeza akuwe muri uyo urwi mu kwezi guheze.

Morais ubwiwe yarigeze gukorana na Real Madrid mu kumenyereza Inter Milan.

Samuel Eto'o yari atwaye uyu murwi wo muri Turukiya Antalyaspor ukwezi kwa 12 guheze, igihe Yusuf Simsek ahagarikiye amasezerano n'uwo murwi.

Muri iki kiringo c'infatakibanza, Samuel Eto'o yarahesheje intsinzi uwo murwi mu nkino zibiri, ariko Antalyaspor yaratsinzwe izindi nkino zibiri, ahandi iranganya.

Eto'o ariko ategerezwa gukomezanya amaszerano yiwe n'uwo murwi nk'umukinyi wawo.