Wayney Rooney umukinyi mwiza w'umwaka 2015

wayne rooney man utd Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umukinyi wa Man Utd Wayne Rooney ni we yatahukanye agashimwe k'umukinyi mwiza muri 2015

Umukinyi wa Manchester United Wayne Rooney ni we yatahukanye agashimwe k’umukinyi mwiza wo mu mwaka 2015 mu Bwongereza, agashimwe yari yatwaye no mu 2014.

Bubaye ubugira kane Wayne Rooney atwara agashimwe nkako, gahabwa uwaronse amanota mwenshi avuye mu bakunzi b’umupira w’amaguru mu Bwongereza.

Mu ntango z’ukwezi kwa 12, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Bwongereza ryarashize ahabona amazina y’abaharanira agashimwe ku mukinyi mwiza mu mupira w’amaguru muri ico gihugu.

Mu mwaka wa 2015, Rooney yari kizigenza w’umugwi w’Ubwongereza watsindiye kwitabira ihiganwa rya Buraya Euro 2016, ihiganwa rizobera mu Bufaransa mu kwezi kwa gatandatu, aho Ubwongereza bwatsinze inkono zose ko ari 10 mu mugwi ico gihugu carimwo, aho Rooney wenyene yatsinze ibitsindo 5.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Wayne Rooney abaye uwa mbere yinjirije ibitsindo vyinshi Ubwongereza(51) akaba arushije Bobby Charlton yari yatsinze 41 mu 1968

Ikindi, yaraciye umuhigo mu kurusha Sir Bobby Charlton mu gutsinda ibitsindo vyinshi muri kahise k’Ubwongereza, aho Rooney amaze gustinda ibitsindo 51. Charlton yari yatsinze ibitsindo 49 mu 1968.

Abandi bakinyi bariko baraharanira ako gashimwe k’umukinyi mwiza w’umwaka ni Joe Hart(Manchester City), Gary Cahill(Chelsea), Raheem Sterling(Manchester City) na Harry Kane(Tottenham Hotspur).

Amajwi y’abari muri iryo higanwa yatangwa ku rubuga rwa internet, amatora nay o akaba yatanguye ku musi w’Imana itariki 3 ukwezi kwa mbere.

Umunyegoli wa Stoke City, Jack Butland, yatsindiye agashimwe k’umukinyi mwiza wo mu mwaka atarenza imyaka 21.

Abo bakinyi babiri bazoronswa utwo dushimwe imbere y’uko haba urukino rwa kivandimwe ruzohuza Ubwongereza n’Ubudagi mu gisagara ca Berlin ku wa 26 ukwezi kwa gatatu.