Abategetsi 3 ba IAAF bahagaritswe burundu

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Abategetsi ba IAAF bahagaritswe barerwa kuba barakingiye ikibaba abanonotsi b'Abarusiya bakoresheje imiti itemewe yongera inguvu.

Umurwi ujejwe kubahiriza inyifato mw'ishirahamwe ry'inkino zo kunonora imitsi, umenyesha ko bateje ingaruka zitari bwaboneke urwego rw'inkino.

Mu bahagaritswe burundu harimwo uwahoze ari umukuru w'ishirahamwe ry'inkino zo kunonora imitsi mu Burusiya,Valentin .

Harimwo kandi umuhungu wa Lamine Diak yahoze atwara ishirahamwe ry'inkino zo kunonora imitsi ku rwergo rw'isi -IAAF.

Umurwi ujejwe inyifato umenyesha ko bateye ubwoba Umurusiyakazi Lilya Shobukhova, asiganwa mu kwiruka ikirere kire kire (Marathon), bamukangira kugeza aho atanga ruswa kubera gukoresha imiti itemewe yo kwiyongera inguvu.

Uburusiya bwabujijwe kuja mu nkino mpuzamakungu zose zo kunonora imitsi zo mu kwezi guheze.