Michel Platini ntacitoje kuyobora FIFA

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Michel Platini yari yahawe igihano co guhagarikwa mu bikorwa vy'inkino mu kiringop c'imyaka umunani, aho hari mu kwezi guheze.

Yahawe ico gihano kuko yagirijwe ko yahawe amafaranga n'uwahoze ku buyobozi bw'umupira w'amaguru kw'isi FIFA, Sepp Blatter mu 2011.

Hazoba amatora yo guhitamwo uwuyobora urwego FIFA mu kwezi kuza, azosubirira Sepp Blatter.

Michel Platini yemeye ko atagishoboye kwitoza, ariko rero ngo yiyemeje kurugofera kuri ico gihano co kumara imyaka umunani ategera ahari ibikorwa vy'umupira w'amaguru, igihano yahawe n'umurwi ujejwe kubahiriza inyifato muri FIFA.