Zidane asaba abakinyi kugira umwete

real madrid zidane Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Zinedine Zidane, umumenyereza mushasha wa Real Madrid

Umumenyereza mukuru mushasha wa Real Madrid, Zinedine Zidane, yasavye abakinyi biwe kugira intumbero imwe kuri bose yo gukorana umwete.

Abakinyi benshi barashimye ingingo yo kwirukana Rafael Benitez, ubu bakaba basubiranye ishaka inyuma y’igenwa rya Zidane, kuko bashima igenwa ryiwe.

Abo bakinyi ba Real Madrid, baserukiwe n’umukinyi wa mbere kw’isi Cristiano Ronaldo, bemeye gukurikiza amategeko y’umumenyereza, no gukora akazi n’umwete kandi bunze ubumwe.

Imbere y’uko batangura imyimenyerezo ubwa mbere, Zidane yashikirije ijambo abakinyi, abasigurira ko akazi kiwe kazokwibanda ku bintu bibiri bikomeye, ariko gukora akazi n’umwete hamwe no kunezerezwa n’akazi ukora.

Mu gukomeza umugwi wa mbere wa Real Madrid, Zidani yacaguye abakinyi batatu bahora muri B, Borja Mayoral, Marcos Llerente na Martin Odegaard, kugira batangure kugira imyimenyerezo mu mugwi wa mbere.

Muri ico gihe nyene, bivugwa ko umugwi wa Real uriko urategura amahera akoreshwa mu bwongereza ashika imiliyoni 100, kugira baje mu ntambara yo kugura umukinyi w’imbere wa Chelsea Eden Hazard mu gihe c’ici.