Samatta na Emerick, abakinyi ba mbere muri Afrika

samatta foot Uwufise ububasha kw’isanamu CAF Online Twitter
Image caption Mbwana Ally Samatta, yaronse agashimwe k'umukinyi mwiza akinira muri Afrika

Umukinyi w’umupira w’amaguru wo mu gihugu ca Tanzania, akinira umugwi TP Mazembe wo muri RDC, Mbwana Ally Samatta, yaronse agashimwe k’umukinyi mwiza wa Afrika akinira kuri uwo mugabane.

Na yo agashimwe k’umukinyi mwiza muri Afrika katahukanywe na Pierre-Emerick, umye Gabon akinira umugwi wa Borussia Dotmund, wo mu gihugu c’Ubudagi.

Ubwo bushimwe butangwa buri mwaka n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika, CAF, bwatanzwe muri iri joro buca ari ku wa gatanu mu gisagara ca Abuja, mu gihugu ca Nigeria.

Umugwi nserukiragihugu mwiza mu bahungu mu mwaka uheze, wabaye uwo muri Cote d’Ivoire.

Ku ruhande rw’abapfasoni, ako gashimwe katahukanywe n’umugwi wo muri Cameroun.

Uwufise ububasha kw’isanamu getty
Image caption Pierre Emerick, yaronse agashimwe k'umukinyi mwiza wa Afrika

Umumenyereza mwiza w’umwaka ni Herve Renard wa Cote d’Ivoire, agashimwe atahukanye ubugira kabiri yikurikiranya.

Umugwi mwiza ku mugabane wa Afrika ni TP Mazembe yo muri RDC.

Na yo umuhagarikizi mwiza yabaye Bakary Gassama ava mu gihugu ca Gambia.

Habaye ibirori biherekeza ubwo bushimwe vyari biremeshejwe n’abanyabugenegene batandukanye harimwo n’abanyamuziki ava mu gihugu ca Mali, Salif Keita hamwe n’uwuva mu gihugu ca Nigeria, Omowumi.