Arsenal, chelsea, Man City banganije mu nkino zabo

premier league Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Liverpool yanganije na Arsenal mu minota ya nyuma 3-3

Liverpool ku kibuga cabo, binjije igitsindo mu minota ya nyuma y’urukino, bituma banganyana Arsenal, mu gihe Chelsea na Man City na bo nyene banganije mu nkino bakinye.

Igitsindo co mu minota ya nyuma ca Joe Allen, ni co cakuye mu kabarerwa Liverpool, mu gihe Arsenal yari ifise ibitsindo bitatu gushika ku munota wa 89.

Ibitsindo vya Arsenal vyinjijwe na Olivier Giroud yinjije bibiri na Aaaron Ramsey yinjije kimwe, mu gihe ibindi bitsindo bibiri vya Liverpool vyinjijwe Roberto Firmino.

Chelsea na yo nyene yaranganije mu rukino rwabahuje na West Bromwich Albion, ibitsindo vya Chealsea vyinjijwe na Cesar Azpilicueta na Garth McAuley, umukinyi w’inyuma wa West Brom yiyinjije, mu gihe ivya West Brom vyinjijwe na Craig Gardner na James McClean.

Na Man City ku kibuga cabo, banganije na Everton 0-0

Ingene inkino zose zangenze n’uku:

 Chelsea 2 - 2 West Brom  Man City 0 - 0 Everton  Southampton 2 - 0 Watford  Stoke 3 - 1 Norwich  Swansea 2 - 4 Sunderland  Liverpool 3 - 3 Arsenal  Tottenham 0 - 1 Leicester