Real Madrid na Atletico Madrid bahanywe

atletico Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Urukino rwaheruka guhuza Real Madrid na Atletico Madrid mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere i Buraya

Imigwi ibiri y’umupira w’amaguru muri Espagne, Real Madrid na Atletico Madrid bahanishijwe kutagura abakinyi mu myaka ibiri iri imbere.

Iyo migwi ibiri yafatiwe ibihano n’aishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA, izira kurenga amategeko yo kugura abakinyi bakiri abana.

Ico gihano ntikibuza iyo migwi kugura abakinyi muri kino gihe, gushika uyu mwaka uhere.

Atletico kandi izoriha ihadabu ingana n’amafranga y’amaswisse 900,000 n’ukuvuga ama pounds 622,000 yo mu bwongereza, Real Madrid nay o kuriha amafranga angana 360,000(ama pounds 249,000).