Swansea yatsinze Watford imbere y'umumenyereza mushasha

swansea vs watford Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abakinyi ba Swansea bariko barigina intsinzi

Swansea yaraye ivuye mu migwi izokoroka mw’ihiganwa ryo mu bwongereza mu gutsinda Watford.

Imbere y’umumenyereza mushasha, Francesco Guidolin, Swansea yarakoze akazi gakomeye mu gice ca mbere mu kwinjiza igitsindo c’umutwe giciye ku mukinyi Ashley Williams.

Abakinyi ba Watford, Miguel Bitros na Jose Manuel Jurado bararonse akaryo ko kugombora, ariko abakinyi b’inyuma ba Swansea bababera ibamba.

Umugwi wa Swansea, ubu uri mu kibanza ca 17, wahatswe kuronka ikindi gitsindo ca kabiri, ariko Bafetimbi Gomis, yari ahejeje kwinjira mu kibuga, aragihusha.

Swansea ntiyokwijajara kuko uwo mugwi ushobora gukoroka umwanya n’umwanya, ariko intsinzi waronse yatumye iva mu bibanza bitatu vya nyuma no kurusha inota rimwe zitatu zitegerezwa gukoroka.