Umugwi wa RDC watsinze Angola

Image caption RDC ubu ni yo iyi kw'isonga mu mugwi B n'amanota atandatu

Umugwi wa RDC waronse intsinzi ubugira kabiri mw’ihiganwa ry’imigwi nserukirabihugu ry’abakinyi bakinira mu bihugu iwabo, ribandanya mu gihugu c’urwanda.

RDC BATSINZE Angola 4-2, ubu bakaba baza mu kibanza ca mbere mu mugwi B, n’amanota atandatu.

Angola baza mu kibanza ca nyuma, aho ata nota na rimwe bararonka.

Mu gice ca mbere, RDC yatsinze ibitsindo bitatu vyinjijwe na Nelson Munganga, Elia Meschak na Jonathan Bolingi.

Gerson na Yao nib o bagomboye ibitsindo ku ruhande rwa Angola, ariko hagati aho, Merveille Bope yari yongeyemwoikindi gitsindo ca RDC kigira kane.

Kuri uyu wa kane, Cameroun baraza gukina barondera intsinzi nibahura na Ethiopa batsinzwe 3-0 mu rukino rwa mbere na RDC